Bruno arizera ko amafoto yafotoye BiG Fizzo azogira ico amumariye

0

Bruno arahimbarwa nuko akazi kiwe kabandanya kagenda neza muri kino gihe,aho avugako ubu abantu benshi bamwirukira kugira bashobore gukorana nawe harimwo na bamwe mu baririmvyi b’abarundi nkuko yashoboye kuvyiganira ikinyamakuru cacu ubmnews
bruno
Bruno akaba yatumenyesheje ko hariho abaririmvyi benshi bamaze kumusaba ko yoza arabafota ariko akavuga ko agifise vyinshi vyo gukora kandi yizeye ko azogera ku vyipfuzo vyiwe vyo gukorana na bamwe mu baririmvyi bakomeye nkuko avugako yashoboye kunezerwa no gufata mafaoto umuririmvyi w’umurundi Big Fizzo aho Bruno avugako amafoto yamufotoye Big Fizzo ashobora kumushikana ku yindi ntambwe

Tworangiza tubamenyesha ko Bruno asanzwe ari umufotozi agezweho hano mu gihugu c’uburundi