Abarwanyi 1000 ba M23 batorotse inkambi bahora babamwo muri Uganda

0

Abarwanyi barenga 1000 bari mu nkambi ya Bihanga mu gihugu ca Uganda i Kampala batorotse iyo nkambi, Umuvugizi w’ingabo za Uganda L.Col Paddy Ankunda yemeza ko abo barwanyi batorotse iyo nkambi babitewe n’uko bari bafise impungenge z’umutekano wabo ngo bitewe n’uko igihugu ca Congo gishaka kubacura ku nguvu.

m23

Nkuko ano makuru yatanzwe numuhora wa ”’ veritasinfo.fr ” bo bavuga ko Umuvugizi w’ingabo za Uganda yemeza ko hariho umugambi wo gusubiza abo barwanyi mu gihugu cabo ca Congo, umuvugizi w’izo nyeshamba Lawarence Kanyuka nawe yemeza ko abarwanyi barenga 1000 ba M23 batorotse inkambi bakaba binyegeje mu misozi ikikije inkambi ya Bihanga.

Nubwo igisilikare ca Uganda n’umuvugizi w’abarwanyi ba M23 bemeza ko bahunze iyo nkambi bitewe n’uko badashaka kujanwa ku nguvu muri Congo, amakuru menshi ava mu karere k’ibiyaga bigari aremeza ko atakuri kurimwo kuko ngo ubu Abarwanyi ba M23 bari mu Rwanda no muri Uganda ubu batanguye kwikusanyiriza muri Kivu y’amajepfo muri Congo, bakaba bashaka kuhubaka ibirindiro bikomeye bafashijwe n’igihugu c’u Rwanda. Ivyo birindiro akaba arivyo bizokoreshwa mu kugaba ibitero ku gihugu cu Burundi.

M23_troops_Bunagana_4

Kuwa gatanu italiki ya 01/01/2016 ku bunani, niho abarwanyi ba mbere ba M23 barungitswe gushinga ibirindiro muri Congo, bateye ibitero ku ngabo za Congo muri Kivu y’amajepfo ahitwa Kalehe na Mwenga. Inzego zishinzwe umutekano z’igihugu ca Congo, u Burundi na Tanzaniya zikaba zifise amakuru yuzuye ko abarwanyi ba M23 bari muri Uganda no mu Rwanda bagiye gukoreshwa mu guhungabanya umutekano w’u Burundi bifashishije ubutaka bwa Congo. Ivyo bihugu uko ari 3 bikaba biri kwiga umugambi wicokorwa kugira ngo bihangane n’iyo ntambara yabo barwanyi ba m23!

Nk’uko igihugu ca Uganda categuye inkotanyi mu mwaka w’1990 zigatera u Rwanda, Museveni akavuga ko ari impunzi zamutorotse, iryo turufu ngo niryo rigiye kongera gukoreshwa mu kwigarurira igihugu c’u Burundi; Uganda n’u Rwanda bikaba bizovuga ko ntaho bihuriye n’umutekano muke w’u Burundi na Congo, ko abarwanyi ba M23 bafise uburenganzira bwo kwirwanako kuko bugarijwe, akaba ariyo mpamvu abo barwanyi batorotse ibihugu bayobora bagasubira mu gihugu cabo!

SRC : veritasinfo.fr