USA yiyamirije ingingo ya kagame yo gushaka kuguma kubutegetsi.

0

Leta zunze ubumwe z’Amerika irababajwe ni ngingo ya Prezida Paul Kagame w’u Rwanda yo gushaka kuguma kubutegetsi, aho ninyuma yaho avugiye ko azokwiyamamaza ku ncuro ya gatatu.

kagame

Itangazo ryasohowe na John Kirby, umuvugizi wa ministeri y’ububanyi n’amahanga rivuga ko Prezida Kagame yiyambuye amahirwe yo gutsimbataza demokarasi no gukomeza inzego abanyarwanda bamaze imyaka irenga 20 baruhira kubaka.

Muri iryo tangazo, Amerika ivuga ko yemera ko guhindura abategetsi hakajako abandi kw’arivyo bituma demokarasi ishinga imizi mu gihugu rero ngo guhindura amategeko kugira ngo abarongozi bari k’ubutegetsi babugumeko bituma demokarasi itakaza inguvu ikanasubira inyuma.