Fly Dubai yafashe ingingo yo guhagarika ingendo zayo i Bujumbura!

0

INYUMA YAHO AMAKUNGU AHARIYE IVOMO UBURUNDI, ABANYAMITAHE NABO NYENE BABANDANYA GUHOMBA!

flydubai

Ishirahamwe FlyDubai ryafashe ingingo ryo guhagarika ingendo zaryo I Bujumbura! Indege itwara ingenzi yishirahamwe fly Dubai ikaba ifashe iyo ngingo ,inyuma yaho itanguye gukora ihomba mwiki gihe na cane cane mungendo itunganiriza I Bujumbura!

Uruhombo kuri reta ya Nkurunziza kuko yahabwa amakori hamwe nokubadandaza babarundi bahora bakorera akazi kabo muruwo muji wa Dubai! Fly Dubai itanguye gukora ,itike ikaba yaciye igabanuka maze ibidandazwa bitari bike bikamanuka ,akarusho kakaba kumuguzi ariwe umunyagihugu! Ubu rero ibintu vyahora biva I Dubai bikaba bigiye gusubira kuduga kubera itike izoca iduga

fry

Tubibutse ko kuva yaho Nkurunziza Petero ahisemwo kwitoreza ikiringo ca gatatu , ubutunzi bwigihugu bwaragabanutse,ingenzi zirahagarika ingendo zazo mu Burundi, ama hoteli ,utubare ,abadandaza, abanyamitahe ,nabandi benshi ,babandanya bahomba bivanye nuko igihugu cuburundi ata kazoza ki gifise !