Mugamba : Abantu babiri bishwe barashwe

0

Abantu babiri nibo bishwe ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu, muri zone ya Nyagasasa, komine Mugamba, mu ntara ya Bururi.

Abo bantu bishwe mu masasu yumvikanye aho muri komine Mugamba, ahamaze iminsi hibonekeza ibitero vy’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekana.

Umwe muri abo bantu bishwe yari mu bunguruza abantu bakoresheje ipikipiki, akaba yavuka mu ntara ya Rumonge nk’uko vyabonetse kw’ikarata y’akazi yamuranga.

Mu giporisi aho mu ntara ya Rumonge bamenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira abantu bagandaguye abo banyagihugu bamenyekane.

isa

Umutekano wasubiriye guhungabana muri komine ya Mugamba, mu gihe umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yaheruka gutanga iminsi cumi n’itanu kugira abahungabanya umutekano muri iyo komine babe bishikanye ku nzego z’umutekano.

Mw’ijambo ryashikirije abanyagihugu bari bakoranijwe muri iyo komine ya Mugamba umunsi ayigendera kw’igenekerezo rya mbere Ruheshi 2016, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatanze ikiringo c’iminsi cumi n’itanu kugira abantu badurumbanya umutekano muri komine Mugamba babe bishikanye.

Mu gihe ico kiringo catanzwe cohera abo bantu batarishikana, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko hazokoreshwa uburyo bwose bushoboka kugira amahoro n’umutekano bigaruke muri iyo ntara ya Bururi, cane cane muri komine Mugamba, ahabandanya kwibonekeza ibitero vy’abantu bitwaje ibirwanisho hamwe n’ubwicanyi.

Ico kiringo catanzwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kikaba kizorangira kw’igenekerezo rya 15 Ruheshi 2016.