Abarundi badafise uburenganzira bw’ukuba mu Rwanda babandanya kwirukanwa

0

Louise MUSHIKIWABO, umushikiranganji w’imigenderanire y’Urwanda n’ayandi amakungu, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, yavuze ko igihugu c’Urwanda cemera ukwisanzura hamwe n’ugukorera hamwe hagati y’abanyagihugu bo mu bihugu bigize akarere Urwanda rurimwo, ariko akavuga ko ico gihugu kitokwihanganira ababa mu Rwanda batavyemerewe n’amategeko, ahubwo mu Rwanda bagasaba ko amategeko yokwubahirizwa.

wab

Umushikiranganji Mushikiwabo yamenyesheje ko igikorwa co kwirukana Abarundi baba mu Rwanda bitemewe n’amategeko kibandanya, ariko akavuga ko igitigiri c’Abarundi binjira mu Rwanda ubu cagabanutse. N’aho biri ukwo, uwo mushikiranganji asigura ko Urwanda rutabangamiye Abarundi nk’uko bamwe babishikiriza.

Mu gihe bamwe mu Barundi birukanywe mu Rwanda bagumye basaba ko bohabwa uburenganzira bw’ukuja gutahukana amatunga basize muri ico gihugu, umushikiranganji Louise MUSHIKIWABO amenyesha ko ikibazo c’amatunga y’Abarundi gitegerezwa kwigwa hagati y’ivyo bihugu vyombi, agashimangira ko Reta y’Urwanda idashobora gufata ayo matunga y’Abarundi birukanwe.