Major Didier MUHIMPUNDU yaraye agandaguwe

0

Major Didier MUHIMPUNDU yaraye agandaguwe n’abantu bataramenyekana bamurashe mu gihe yari asohotse mu bunywero yarimwo bwitwa « Bar Hibiscus » buri mu gisagara ca Bujumbura.

didier

Ntawurashobora kumenya ibiriko bibera mu gisirikare, mu ntwazangabo z’Uburundi kuri uwu wa kabiri. Inyuma y’igandagurwa kuri uwu wa kabiri rya Lieutenant Colonel IKURAKURE Darius yahora arongoye Bataillon de Génie des combats yo ku Muzinda yiciwe mu biro bikuru vya gisirikare (État Major Général de l’Armée), mu kibanza basomera amakuru mashasha (Tableau d’affichage), Uburundi buhejeje gutakaza iyindi ntwazangabo, Major Didier MUHIMPUNDU ahejeje kugandagurwa mu gisagara ca Bujumbura.

Abamurashe bakaba bataramenyekana.