Major Desiré UWAMAHORO yashitse mw’ibohero rikuru rya MPIMBA

0

Major Desiré UWAMAHORO yahora arongoye igiporisi kidasanzwe kijejwe kurwanya imigumuko mu Burundi yashikanwe mw’iboher rikuru rya MPIMBA. Ivyo bibaye inyuma y’imisi igera u ndwi yari amaze apfunzwe mw’ibanga ntangere, muri mu busho buri mw’igendereza ry’Uburundi i Bujumbura.

ramn

Amakuru dufise avuga ko naho habaye imikebukano ikomeye y’ukuraba ingene iyo ntwazangabo y’igihangange mu giporisi c’Uburundi yorekurwa, ingingo ya nyuma yafashwe kuri uwu wa kane ikaba ari iy’uko Major Desiré UWAMAHORO yungururizwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Major Désiré Uwamahoro yahora ari umukuru w’igiporisi kijejwe kurwanya imigumuko (BAE : Brigade Anti-Emeute) aheruka gukurwa mu mabanga yahoramwo, akaba yasubirijwe na OPC2 MANARIYO Emmanuel, afise nomero matirikire OPN 0858.

Major UWAMAHORO akurikiranwa kubera amafaranga yanyuruje, yaguzwe inzahabu. Ayo mafaranga yaguzwe inzahabu, agera ku 330 000 vy’amadorare y’abanyamerika niyo Major Désiré Uwamahoro yatwaye.