Gitega : Igiporisi carekuye imisore 50 yari yafashwe

0

Igiporisi co mu ntara ya Gitega carekuye urwaruka rugera kuri 50 rwo mu ntara ya Karusi rwari rwafashwe rwikekwako ibikorwa vy’uguhungabanya umutekano.

ici

Abo basore bari bahagaritswe mu gihe bariko baja muri Tanzaniya kuronderayo akazi. Naho barekuwe, bose bategetswe gusubira imuhira iwabo aho bavuka, ingingo batayakiriye neza kuko bavuga ko bari batunzwe n’ubuzi barondera muri Tanzaniya, bagatangazwa n’ingene basubijwe i muhira iwabo kandi ata kazi basanzwe bahafise.