Abamenyeshamakuru babiri bari bagiye gukurikirana irenguka mu butungane rya Major Désiré UWAMAHORO bafashwe

0

Umuyobozi w’imfatakibanza w’insamirizi Bonesha FM, Léon Masengo, hamwe Innocent MURYANGO umuhinga w’ivyuma, bari bagiye gukurikirana irenguka mu butungane rya Major Désiré UWAMAHORO bahagaritswe n’abakozi b’igendereza, batwarwa kwumvirizwa n’inyamiramabi. Abo bamenyeshamakuru babiri bahavuye barekurwa.

Abo bamenyeshamakuru bompi bafashwe bari ahakorera Sentare y’iyungururizo i Bujumbura, bariko barondera amakuru aho Major Désiré UWAMAHORO yari yajanwe kwumvirizwa n’ubutungane.

Amakuru atangwa n’abakurikiranira hafi ikibazo ca Major Désiré UWAMAHORO amenyesha ko iyo ntwazangabo ishobora kujanwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru ry’i Ngozi.

Major Désiré Uwamahoro yahora ari umukuru w’igiporisi kijejwe kurwanya imigumuko (BAE : Brigade Anti-Emeute) aheruka gukurwa mu mabanga yahoramwo, akaba yasubirijwe na OPC2 MANARIYO Emmanuel, afise nomero matirikire OPN 0858.

Major UWAMAHORO akurikiranwa kubera amafaranga yanyuruje, yaguzwe inzahabu. Ayo mafaranga yaguzwe inzahabu, agera ku 330 000 vy’amadorare y’abanyamerika niyo Major Désiré Uwamahoro yatwaye.