Leta Y’Uburundi Yipfuza Ko Ibiganiro Bihuza Abarundi Birangira Vuba.

0

Mu kiganiro umunyamabanga akongera akaba umuvugizi wa leta y’Uburundi, Phillipe Nzobonariba, yashikirije ejo ku musi wa gatanu itariki 14 Mukakaro 2017 kumwe n’abanditsi n’abamenyeshamakuru,Nzobonariba yaragarutse ku bintu nyamukuru vyaranze ukwezi kwa Ruheshi 2017 hamwe n’intango ya Mukakaro 2017 mu bijanye n’ibikorwa biraba Uburundi mu makungu.

Mu vyo Nzobonariba yashikirije bihambaye cane ni uko Leta y’Uburundi yipfuza ko Umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi bibera i arusha muri Tanzania, Benjamin Mkapa, yobirangiza vuba mu nama ikurikira y’ibiganiro bihuza abarundi, bivanye n’amatohozwa yakozwe kuva muri nzero 2016, hama agatuma ivyo biganiro bihuza Abarundi bigarukanwa mu Buurundi.

Muri rusangi, Benjamin Mkapa, yari yipfuje ko insozero yivyo biganiro yoshikirijwe mu kwezi kwa Ruheshi 2017, maze bigashikana ku masezerano hagati yabo bose begwa n’ikibazo c’Uburundi ; ariko ikibabaje nuko Mkapa atashitse ku vyo yiyemeje kubera ukudashaka kwicara hamwe hagati ya leta y’Uburundi n’abo itavuga rumwe.

Phillipe Nzobonariba, Umunyabanga akongera akaba umuvugizi wa leta y’Uburundi

Ariko kwitariki 4 mukakaro niho ibiro vy’Umuhuza mu biganiro bihuza abarundi i Arusha muri Tanzania vyamenyesha ko ibiganiro bihuza abarudi vyosubiriye gutangura muri uku kwezi kwa Mukakaro.Ariko nkuko Nzobonariba yamenyesheje, leta y’uburundi iragabisha Mkapa ko atogwa mu mitego y ‘abashaka ko ibintu bigenda nkuko bavyipfuza, maze ikamusaba kurangiza ibiganiro vuba.

Phillipe Nzobnariba amenyesha : « Turavye uko ibintu vyifashe ubu, harabaye ivyahindutse biramera neza mu bijanye n’umutekano na politike ; ni nayo mpamvu ingingo zose zifatirwa Uburundi zitaranga ubutungane, cane cane izifatwa n’Ishirahamwe ry’ubume bwa Buraya hariko ikiganza c’Ububiligi, zamiriwe kure ».

Nzobonariba abandanya ati : « Ingingo y’akarenganyo yafatiwe Uburundi yo kurungika umugwi w’abasoda MAPROBU yariyamirijwe n’abakuru b’ibihugu va Afrika, yongera iriyamirizwa n’abagize ibihugu vya Pacifique na Caraibes(ACP), maze bahamvya abarundi bari bamaze kwiyamiriza iyo ngingo kuva igitangazwa ».