Inyuma Y’Urugendo rwiwe Rwa Kabiri I Bujumbura, Michel Kafando Arizeye Ko Ikibazo c’Uburundi Kizotorerwa Inyishu.

0

Mwitangazo ryasohowe ejo ku musi wa kane itaiki 13 Mukakaro 2017 n’ibiro vy’Intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi, Michel Kafando yatahutse afise icizere ko ikibazo c’Uburundi kigiye gufata inzira nyayo.

Uyo yahoze ari umukuru w’igihugu ca Burkina Faso mu ntwaro mfata kibanza, aremeza ko yakoranye ibiganiro nabo bose begwa nico kibazo c’Uburundi hamwe n’abafasha Uburundi. Arasigura ko hari umwiyemezo ukwiye kugira ikibazo c’Uburundi gitorerwe inyishu biciye mu nzira y’ibiganiro bidakumira canke bihurikiyemwo bose.

Nkuko iryo tangazo nyene ribivuga, Kafando yarabonanye n’Umukuru w’igihug Pierre Nkurunziza imbere y’uko aja I Dar Es Salaam kugira abonane n’Umufasha mu biganiro bihuza Abarundi, Benjamin Mkapa. Iryo tangazo ribandanya rivuga ko Kafando yitavye inama yabereye I Addis-Abeba ya 29 y’abakuru b’ibighugu ba Afrika “ kugira bayage n’abategetsi bamwe bamwe ku kibazo c’Uburundi”.


Yaciye agaruka i Bujumbura kugira ayage nabo bose bajejwe n’ibiganiro bihuza abarundi kugira ikibazo c’Uburundi gitore umuti”.

Inyuma y’iyo mibonano itandukanye, iyo ntumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi ategekanya kuzoshikiriza ijambo imbere y’Inama Nkuru y’Umutekano ya ONU I New York kw’itariki 26 mukakaro 2017ku vyerekeye imibonano yakoranye n’abegwa ikibazo c’Uburundi.Mbere n’umufasha mu biganiro bihuza Abarundi, Benjamin Mkapa,akaba azokwitaba iyo Nama Nkuru y’Umutekano ya ONU.