Muramvya: Umugambwe CNDD-FDD Uragabisha Uwo Ariwe Wese Agwanya Ikiringo Ca kane Ca Pierre Nkurunziza.

0

Murugendo rw’imyiyerekano rwatunganijwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ejo ku musi wa gatandatu itariki 15 Mukakaro 2017,mu ntara ya Muramvya, urwaruka ruri mu mugambwe uri ku butegetsi Imbonerakure rwarashize ahabona ko ata wundi mukandida azokwitoza mu kiringo ca kane mu mugambwe CNDD-FDD atari Pierre Nkurunziza.

Nkuko Urunani rwabamenyeshamakuru bigenga SOS Media Burundi rubitangaza, mu ndirimbo zabo izo mbonerakure zaririmba muri iyo myiyerekano, baragabibishije uwo wese yohirahira ngo ariko aragwanya ico kiringo ca kane ca Pierre Nkurunziza!

Iyo myiyerekano ikaba yari yitabwe n’abantu isinzi mu ntara ya Muramvya

Bavuze bati : “ Tuzomwirukako[ uwo wese yogwanya ikiringo ca jane ca Nkurunziza]…Ntituzopfa turekuye ubutegetsi”, niko baririmba n’inguvu nyinshi.

Nkuko bibandanya bitangazwa, iyo myiyerekano yari irongowe na Sylvestre Ndayizeye, umunyamabanga kurwego rwigihugu w’uraruka rwa CNDD-FDD. Mwijambo ryiwe, Ndayizeye yaragarutse ku gihugu c’Ububiligi . Nta kindi ciza bakoze atari ikibi kuva mu bihe v’ubukoloni gushika na kino gihe….ni bo bazanye amacakubiri ashingiye ku moko, niko Ndayizeye yavuze, avuga igihugu c’Ububiligi.

Umunyamabanga kurwego rwigihugu w’uraruka rwa CNDD-FDD, Sylvestre Ndayizeye, yaravuze kandi ku vyerekeye igihugu c’Urwanda. Tuzogenda twishikire I Kigali[Umugwa mukuru w’igihugu c’Urwanda] mu gihe Uburundi bwoterwa n’Urwanda”, niko Ndayizeye yavuze.

Iyo myiyerekano ikabayaciye irangirira ku murwa mukuru w’intara ya Muramvya( mu gihugu hagati).

Nkuko ibihe turimwo bivyerekana, biragaragara ko hariko hitegurirwa amatora bimwe bidasanzwe ya 2020. Ni mu gihe binavugwa ko mu mugambwe CNDD-FDD abategetsi bamwe bamwe batarumvikana neza ko Pierre Nkyrunziza ariwe azokwitoza mu kindi kiringo. Ikizwi coco, nuko Pierre Nkurunziza yavuze igihe yariko yiyamamaza muri 2015 ko ‘atazokwongera kwitoza mu kindi kiringo’ mu mwaka wa 2020. Nivyo kurindira tukaraba iyo bija.