UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Leta y’uburundi ibandanya kwagiriza urwanda kubika Abansi b’uburundi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji w’imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu Albert Nshingiro amenyesha ko Leta y’uburundi yagerageje kuganira na Leta y’urwanda kenshi kugira itange abashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umuhisi Petero Nkurunziza muri 2015 kugira bacirirwe urubanza ariko biba impfagusa.Abo kandi akaba aribo ba kizigenza mu muhari Red Tabara umaze imisi uhungabanya umutekano w’igihugu c’uburundi.Ibi biri mw’ikete Leta y’uburundi yandikiye ubumwe bw’Afrika kuri uyu wa gatanu uheze.


Albert Nshingiro amenyesha kandi ko ivyo Leta y’uburundi yagirizwa n’igihugu c’urwanda mu gukorana n’interahamwe za fdlr na FLN Ata shingiro bifise.Agira ati:«Leta y’uburundi yarungitse abasirikare muri Kongo gufasha igihugu ca Kongo kurwanya umuhari M23 nkuko isanzwe ibikora ahandi nka Somaliya kandi bakabikora mu ntumbero yo gutabara umubanyi wabo kugira bagarukane amahoro n’umutekano. kandi twemera amategeko mpuzamakungu atemera igihugu gushigikira imirwi ihungabanya umutekano w’ibindi bihugu.»

Albert Nshingiro arangiza amenyesha ko bashima utwigoro twose tw’ubumwe bw’Afrika rigira mu kugerageza gutorera inyishu indyane za politike ziri mu buseruko bwa Kongo kugira hatuzwe imirwi itandukanye y’itwaje ibirwanisho irwanira mu bice bitandukanye muri Kivu y’uburaruko n’ubuseruko.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments