UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abahuza ibitsina babisangiye bakwiye guterwa amabuye-Evariste Ndayishimiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaraye asubiye kuvuga ko abahuza ibitsina babisangiye bakwiye guterwa amabuye nkuko yabivuze mu mwaka uheze wa 2023 kandi ko yiteguye no kubizira.ibi yabivuye ku murwa mukuru wa politike i Gitega kuri uyu wa gatanu twaraye turangije mu gihe hahimbazwa umusi mukuru wahariwe abagore.


Evariste Ndayishimiye agira ati:«Nongeye kubisubiramwo nkuko nabivuze mu mwaka uheze,ababana bahuje ibitsina bakwiye guterwa amabuye kandi ibi niteguye no kubizira ndabihorwa.Leta y’uburundi turiteguye inkwirikizi zose zohaba harimwo n’infashanyo ivuye hanze ariko irimwo kuduhatira gushigikira abubakana bahuje ibitsina”Mariage homosexuel”.»
Mu mwaka uheze umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yari yamenyesheje ko abahuza ibitsina babisangiye bakwiye guterwa amabuye.iryo jambo rikaba benshi harimwo ibihugu bimwe bimwe vya burayi na Amerika vyariyamiriye ayo majambo ya Ndayishimiye aho bavuga ko ari uburenganzira bwa kiremwa Muntu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments