UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Abasirikare b’uburundi bagenda gukoreshwa nk’abacangero muri Congo-Libérat Ntibashirakandi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umuvugizi w’umuhari nkundagihugu MAP-Burundi buhire Libérat Ntibashirakandi avuga ko biteye isoni kubona abasirikare b’uburundi bagenda gukoreshwa nk’abacangero muri Kongo bakifatanya n’umuhari FDLR wakoze ihonyabwoko mu Rwanda mugihe iyo ntambara ata nyungu nimwe uburundi buyizigamwo.


kubw’inkuru dukesha iradiyo inzamba agateka kawe,Libérat Ntibashirakandi avugira ishirahamwe MAP-Burundi Buhire agira ati:«abasirikare b’abarundi mu makungu bari bazwi neza cane kubera inyifato bifata mu gihe baja gufasha mubihugu bitandukanye cane cane Somaliya mu kugarukana amahoro n’umutekano.uno musi rero,kubona abasirikare b’abarundi baja muri Kongo kurwana mu ndwano itabaraba kandi mu ntango bakagenda binyegeje n’ibintu bibabaje cane na cane cane benshi bariko bararwa muri iyo ndwano bakanahambwa imiryango yabo itabizi.Prezida Evariste Ndayishimiye aho guhanura akaje hagati yashimye kugira abasirikare b’abarundi mukubarungika baja kurwana intambara itabaraba.»

Libérat ntibashirakandi avuga arongera ati:«ko ingaruka zishora kuhaba ari uko abasirikare bashobora kugira ishusho mbi kuko bari bazwi ko ari bitumwako mukugarukana amahoro n’umutekano.ikindi nuko abasirikare b’abarundi bifatanije n’umuhari FDLR wakoze ihonyabwo mu Rwanda kandi nubu bakaba bariko bakora ihonyabwoko kubakongomani bo mu bwoko bw’abatutsi ivyo vyose rero bizotuma uburundi bugira ishusho mbi.»

Abarundi benshi baba abari mu gihugu n’abari hanze y’igihugu bagumye batera akamo Leta y’uburundi ko intambara iri mu buseruko bwa Congo ishobora gutera umutekano muke mu karere.Leta ya Kongo yagumye yagiriza urwanda gushigikira umuhari M23 urwanda narwo rukagiriza Kongo gushigikira interahamwe za FDLR zakoze ihonyabwoko mu Rwanda.Uburundi bukaba bwararungitse ingabo muri Kongo hamwe n’igihugu c’afrika y’epfo na Tanzaniya zihurikiye muri SAMIDRC

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments