Leonard NYANGOMA yakuwe mu burongozi bwa CNARED

0

Abahurikiye mu nama y’igihugu ihurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi, CNARED (Conseil National pour le Respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi) batoye kuri uwu w’Imana indongozi nshasha z’urwo runani.

Leonard Nyangoma yahora arongoye CNARED yasubirijwe na Docteur Jean Minani

mina

Icegera ciwe ca mbere akaba ari Major Bernard BUSOKOZA. Icegera ca kabiri nawe akaba ari Onesime NDUWIMANA.

maj

Icegera ca kabiri nawe akaba ari Onesime NDUWIMANA.

sime

Umunyamabanga nshingwabikorwa wa CNARED yabaye Anicet NIYONKURU.

niyom

Ayo matora y’indongozi nshasha yabaye mw’ikoraniro ryahuje abagize urwo rwego ryabereye i Leuven, igisagara kiri hafi ya Bruxelles, akaba hari kuva kuri uwu wa gatandatu gushika kuri uwu w’Imana.

Izo mpinduka mu runani CNARED zibaye mu gihe hasigaye iminsi mike kugira ibiganiro bitangure hagati ya Reta y’Uburundi hamwe n’abatavuga rumwe nayo.

Umuhuza Benjamin William Mkapa amenyesha ko imyiteguro igeze kure, ibiganiro bikaba bizotangura kuva kw’igenekerezo rya 2 gushika kurya 6 Rusama 2016.

wili

Urunani CNARED ruhurikiyemwo imigambwe 23 itavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA, hakaba kandi harimwo abahoze ari abakuru b’igihugu aribo Petero BUYOYA, Jean Baptiste BAGAZA, Sylvestre NTIBANTUNGANYA hamwe na Domisiyano NDAYIZEYE. Muri urwo runani harimwo kandi abahoze ari ivyegera vy’umukuru w’igihugu aribo Ferederiko BAMVUGINYUMVIRA, Gervais RUFYIKIRI, hamwe na Bernard BUSOKOZA.