Général Athanase KARARUZA yagandaguwe

0

Amasasu menshi yumvikanye mu gatondo ko kuri uwu wa mbere nk’igihe c’isaha imwe y’agatondo muri zone Gihosha mu gisagara ca Bujumbura. Cari igitero gikozwe ku muduga wunguruza Général Athanase KARARUZA, intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi yagandaguwe, akaba yaba aho muri zone Gihosha.

kara

Iyo modoka ya Général Athanase KARARUZA yategerewe n’abantu bataramenyekana bayirasa amasasu menshi, uwo musirikare aca iritaba Imana, hamwe n’umugore n’umwana w’umukobwa biwe bari kumwe mu muduga.

bsi

Général Athanase KARARUZA, umututsi w’imyaka 56 abaye intwazangabo igira gatanu igandaguwe mu kiringo c’amezi adashika abiri.

Général Athanase KARARUZA yarigeze kuba umukuru w’igisirikare kirwanira hasi (Chef d’Etat-Major interarmes), mu nyuma aca ahabwa amabanga y’ukuba umukuru w’abasirikare barungitswe kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrique.

Ubu yari umuhanuzi mwishikira ajejwe ibibazo vy’ukwivuna abansi hamwe n’umutekano mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

ruza