Kirundo : Babiri mu ndongozi ziyoboka Rwasa Agathon batawe muri yompi

0

Abanywanyi babiri bo mu ndongozi z’umugambwe FNL, aribo Jérôme Rukerandanga, atwara urwaruka rw’umugambwe FNL ishami riyoboka umushingamateka Rwasa Agathon mu ntara za Kirundo, Muyinga, Cankuzo, hamwe na Jacques Bukuru, ari mu rwego nyobozi rw’uwo mugambwe mu gisata c’urwaruka muri izo ntara, bapfungiwe mu gasho ko mw’i Vumbi, mu ntara ya Kirundo kuva kuri uwu wa gatandatu.

Bahagaritswe n’igiporisi bakaba bagirijwe ko bariko bagira inama itemewe n’amategeko, ibibeshuzwa n’umukuru w’uwo mugambwe mu ntara ya Kirundo, Oscar Nizigiyimana, akavuga ko izo ndongozi zo muri FNL zafashwe mu gihe zariko zisangira ibinyobwa n’abandi mu bunywero.

Oscar Nizigiyimana amenyesha ko izo ndongozi za FNL zihorwa umugambwe zirimwo, agasaba ko borekurwa.