Kayanza : Icegera c’uwutwara MSD yagandaguwe

0

Ubwicanyi bw’indongozi muvya poritike burabandanya mu Burundi. Icegera c’umukuru w’umugambwe MSD (Mouvement pour la Solidarité et le Développement) muri komine ya MUHANGA intara ya Kayanza yishwe acumiswe imbugita n’abantu bataramenyekana.

Melchior HAKIZIMANA yategerewe n’abantu batamenyekana mw’ijoro ryo ku munsi w’Imana atashe avuye mu bunywero, bakaba bamwishe bamunize.
Ikiziga ciwe catowe kuri uwu wa mbere mu kazu ka surwumwe.

Mu makuru dukesha umwe mubo bari basangiye uburongozi bw’umugambwe MSD mu ntara ya Kayanza, n’uko yari yamye asangira n’abandi ku kabare, ariko mu nyuma bamutora ikiziga, yishwe n’abantu bamucumise imbugita.

Ubwo bwicanyi bubaye inyuma y’aho umwe mubatowe ku mutumba Kivumu, komine Mugamba intara ya Bururi nawe agandaguwe arashwe mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu, abamugandaguye ntibamenyekanye.

NDUWAMUNGU Jean Paul, uwa kane muri batanu batowe muri CNDD FDD ku mutumba Kivumu, komine Mugamba yarashwe amasasu ane mu mutwe aca aracikana, nk’igihe c’isaha imwe z’ijoro kuri uwu wa gatandatu, ku metero nk’amajana atanu z’umuhana yari avuyeko mu rubanza i Bururi.

Abajejwe intwaro hamwe n’umutekano mu ntara ya Bururi baremeza ayo makuru, bakavuga ko abo bicanyi bari hagati ya batatu canke bane, ariko bakaba batamenyekanye. Uwo yagandaguwe yaheruka kuvugira mu nama y’umutekano ko adashigikiye abagizi ba nabi bitwaje ibirwanisho.

Uwo yagandaguwe agize gatatu agandaguwe arashwe mu ndongozi z’imitumba yo muri komine Mugamba.

Umuntu umwe w’umusore niwe amaze gufatwa yagirizwa ubwo bwicanyi, mu giporisi mu ntara ya Bururi bakavuga ko uwo yafashwe yari afise amasasu abiri mu mufuko.

Christian NKURUNZIZA, Buramatari w’intara ya Bururi asaba abanyagihugu gushengeza abagizi ba nabi, bongere bareke kunyegeza inkozi z’ibibi.