Général Cyrille NDAYIRUKIYE yeretse ubutungane ihohoterwa yakorewe

0

Abagirizwa ugushaka guhirika ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA basubiriye kurenguka imbere ya Sentare ntahinyuzwa i Gitega kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2016. Umurwi wa mbere wahamagawe kuburana warimwo General Cyrille Ndayirukiye, General Zenon Ndabaneze, General Hermenegilde Nimenya, hamwe na General Juvenal Niyondiko batazira Kiroho, ariko Général Cyrille NDAYIRUKIYE akaba ariwe yumvirijwe, n’aho atari afise umushingwamanza awumufasha kuburana.

Muri iyo ntahe yo kuri uwu wa mbere, Général Cyrille NDAYIRUKIYE yerekanye agapira yari yambaye, hamwe n’amafoto yerekana ingene yakubaguwe umunsi afatwa, ijisho ryiwe rikaba ritari rikibona neza, n’ugutwi kumwe akavuga ko kutari kucumva neza.
Général Cyrille NDAYIRUKIYE yasavye ko ivyanditswe mu cegeranyo c’imburano yatanze kuri uwo munsi afatwa kw’igenekerezo rya 15 Rusama 2015 vyofutwa kuko avuga ko vyose yavyemeye ari ku mahiri, kandi abwirwa ko ashobora kwicwa.

ndayi

Mu nsiguro yatanze, Général Cyrille Ndayirukiye yavuze ko yabuze uwumwunganira kuko uwo yituye wese yamwankiye mu gutinya ko yohava nawe ashirwa mu murwi w’abashatse guhirika ubutegetsi, nk’uko vyashikiye abamwunganiye ubwa mbere.

N’aho yavuze ko atagira abamufasha kuburana, Sentare yahisemwo kubandanya kuburanisha urubanza rwiwe, abwirwa ko yahawe umwanya ukwiye w’ukurondera abashingwamanza.

Mu rubanza rwa mbere, abagirizwa ko bashatse gutembagaza ubutegetsi bagirijwe kandi ko bononye ibikoresho vya Reta, ivy’igisirikare, ivy’igiporisi hamwe n’ivya REMA FM.
Uwaserukiye Reta mu rubanza rwa mbere rwasomwe akaba atashimye urwo rubanza rwaciwe, ari nakwo guca yunguruza.

Mu rubanza rwa mbere, abanyororo bari bagabuwe mu mirwi ine. Umurwi wa mbere wari ugizwe n’abantu bane bagizwe n’abasirikare n’abaporisi bo ku rwego rwa General. Abo nabo ni Cyrille Ndayirukiye, Juvenal Niyungeko batazira Kiroho, Zenon Ndabaneze na Hermenegilde Nimenya, bose baciriwe gupfungwa ubuzima bwabo bwose.

Umurwi wa kabiri wari ugizwe n’abantu 9 bafise amapete yo ku rwego rwa colonel, Capitaine na Major baciriwe gupfungwa imyaka 30 no kumara imyaka 10 badakora akazi ka Reta akariko kose.

Umurwi wa gatatu wari ugizwe n’abasirikare n’abaporisi bato bato, bamwe bari abagendesha imiduga abandi bakaba abacunga ubuzima bw’abo basirikare bo ku rwego rwa General. Abo baciriwe gupfungwa imyaka 5.

Umurwi wa nyuma wari ugizwe n’abambitswe izera. Muri abo harimwo General Prime Ngorwanubusa yigeze kuba umunyamabanga ntayegayezwa mu nama nkuru y’umutekano, hamwe na Colonel Jean Bosco Daradangwe hamwe na Colonel Hagabimana Richard.