Jacques BIGIRIMANA yitwariye mu butungane Rwasa Agathon

0

Umukuru w’umugambwe FNL wemewe na Reta, Jacques BIGIRIMANA yitwariye icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka RWASA Agathon, amwwagiriza ko akoresha izina n’ibimenyetso vy’umugambwe FNL kandi asigaye ari mu runani rw’Abigenga AMIZERO y’Abarundi.

Mw’ikete Jacques BIGIRIMANA yandikiye Pascal BARANDAGIYE umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, yamusavye ko yogira ico akoze, kugira RWASA Agathon areke kuguma akoresha ibimenyetso n’izina ry’umugambwe FNL.

bigi

Kubwa Jacques BIGIRIMANA, kubona RWASA Agathon abandanya gukoresha izina rya FNL kandi yagiye mu nama nshingamateka kw’izina ry’Abigenga Mizero y’Abarundi, ni ugushaka guhuvya abanywanyi, hamwe n’ukujuragiza abasanzwe bafasha uwo mugambwe.

Muri iryo kete ryarungikiwe kandi umukuru w’igihugu, umukuru w’inama nshingamateka hamwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Jacques BIGIRIMANA yatakambiye abategetsi batatu, aribo umukuru w’inama nshingamateka, umushikiranganji w’ubutungane, hamwe n’umushikiranganji w’umutekano, ko umwe wese yokora ivyo arekurirwa n’amategeko, kugira RWASA ntasubire kwivanga mu bikorwa vy’umugambwe FNL.

Jacques BIGIRIMANA akaba yagiriza RWASA Agathon ko yisunga igihagararo afise mu nama nshingamateka, mu guhungabanya umugambwe FNL hamwe n’inzego zawo.

inde