Jacob ZUMA hamwe n’umurwi arongoye bashitse i Bujumbura

0

Intumwa z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika zirongowe n’umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo Jacob ZUMA zashitse zose i Bujumbura kuri uwu wa kane, mu rugendo rw’iminsi ibiri.

Nk’uko vyamenyeshejwe na Jacob ZUMA ubwiwe, uwo murwi w’abakuru b’ibihugu uje gutanguza ibiganiro bihuza abarundi kandi bidakumira vyari bisa n’ivyahagaze.Umukuru w’igihugu wa Mauritanie, umwe mu bakuru b’ibihugu bane bagendeye Uburundi, yashitse i Bujumbura ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu.
Uwo murwi w’abakuru b’ibihugu bane hamwe n’umushikiranganji wa mbere wa Ethiopie ukaba uje kuvugana n’abo vyega, uko hotanguza ibiganiro bihuza abarundi kandi bidakumira vyari bisa n’ivyahagaze.

zuja

Izo ntumwa zigizwe n’abakuru b’ibihugu bahagarariye uturere dutanu twa Afrika, abo nabo akaba ari umukuru w’igihugu wa Mauritania Mohamed Ould Abdel Aziz azoba aserukiye akarere ka Afurika ya ruguru

Umukuru w’igihugu wa Afrika y’epfo Jacob Zuma, azoba aserukiye akarere k’amajyepfo ya Afrika

Umukuru w’igihugu wa Senegal Macky Sall, azoba aserukiye akarere ka Afrika y’uburengero

ma3

Umukuru w’igihugu wa Gabon Ali Bongo Ondimba azoba aserukiye akarere ka Afrika yo hagati

Umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia Hailemariam Desalegn, azoba aserukiye akarere ka Afrika y’ubuseruko.

ma1

ma2