Ivyavuye Mu Nama Ya 36 y’Umugwi w’agateka ka zina Muntu I Geneve.

0

Ejo hari haramutswe hashirwa imbere ca cegeranyo c’Abahinga ba ONU ko mu Burundi hakozwe amabi akomeye akorwa na bamwe mu butegetsi bw’Uburundi, na bamwe mu batavuga rumwe n’ubutegetsi. Ibihugu bitari bike vyaragize ico bivuze kuri ico cegeranyo, maze nka 90 kw’ijana y’ivyo bihugu bikaba vyarashigikiye ko habaye uguhonyangwa kw’agateka ka zina mu Burundi, maze bisaba ko CPI yokwugurura amatohoza mu maguru masha.

Umukuru w’umugwi wakoze amatohoza ku Burundi, ariwe Fatsah Ouguergouz, yarasubiye kwemanga imbere y’amakungu ko mu Burundi hakozwe ‘amabi akomeye’( Crimes contre l’humanité) kuva muri Ndamukiza 2015.Akaba yabandanije amenyesha ko umwanya ukihari kugira Sentare Mpuzamakungu CPI yugurure amatohoza ku bagirizwa gukora ayo mabi.

Uko Leta y’Ubrundi yavyakiriye ni kwa kundi nyene ntiguhinduka. Renevat Tabou, uwari ahagarariye intumwa za leta y’Uburundi muriyo Nama,Renovat Tabou, , yamenyesheje ko hadashobora kuvugwa ko mu Burundi hokorwa ‘amabi akomeye’(crimes contre l’Humanité)’ mu gihe “ amahoro n’Umutekano vyasasagaye mu gihugu cose”.

Tabou yabandanije amenyesha ko ONU itoguma yibanda gusa ku mabi yakozwe kuva Ndamukiza 2015. “Uburundi bwaraciye mu magume akomeye kuva mu 1965…ntituzi igituma ONU itavuga ku vyerekeye ayo mabi”, niko Tabou yamenyesheje.

Ibihugu bimwe bimwe vyo muri Afrika bakaba bikaba vyarasavye ko CPI itotangura amatohoza ku bagirizwa. Ariko rero hafi ibihugu nka vyose vyaremeje ko hakozwe amabi mu Burundi.

Ishirahamwe ry’Ubumwe Bwa Buraya, irisanzwe rikurikiranira hafi ibibazo vy’Uburundi ryo ryamenyesheje ko abahonyanga agateka ka zina muntu bateherezwa gukurikiranwa.

Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika coco cabanje kwiyamiriza igitero giheruka gukorwa ku biro vya ONU mu Burundi bijejwe kwubahiriza agateka ka zina muntu, maze gisaba ko abakoze amabi bokurikiranwa.

Ariko rero, igihugu c’Uburusiya, naho camera ko uguhonyanga agateka ka zina muntu atari vyiza, camenyesheje ko iyo dossiye yokurikiranwa hatagiyemwo imvo za politike na gato.

Mu mpera z’uku kwezi niho vyitezwe ko Umugwi ujejwe kwubahiriza agateka ka zina Muntu muri ONU ariyo (Human Rights Council) uzofata ingingo ya nyuma ku Burundi.