Mu Nama Nkuru ya ONU, Trump Yamenyesheje Ko Koreya Ya Ruguru ‘Izosamburwa Buhere’.

0

Mu Nama y’Ishirahanwe mpuzamakungu ONU yatanguye ejo ku musi wa 18 Nyakanga 2017, ikibazo c’iterabwoba kw’isi kiriko kivugwako cane ku buryo bimaze kugaragara ko ibihugu vya rutura kw’isi bimaze kwicamwo ibice kuri ico kibazo. Mwomenya ko n’Uburundi bwaserukiwe na Alain Aime Nyamitwe muri iyo Nama ya ONU, umushikiranganji w’Uburundi w’imigenderanire n’ayandi makungu.

Mu gihe iyo nama ikibandanya, Ikibazo kiriko kibica bigacika muri ONU ni ikibazo ca Koreya ya Ruguru. Mw’ijambo umukuru w’igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika yashikirije muri ONU, yamenyesheje ko umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru kim Jong Un, ari “ ku nzira inyerera’.

Trump yabandanije amenyesha ko Amerika itegerezwa kwikingira hamwe n’ibihugu bifatanye mu vy’amasezerano. Donald Trump yamenyesheje ati: “Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kirafise Ububasha bukomeye n’ukwihangana…mugabo kirahaswe kugira cikingire congere gikingire abo bifatanya[ Koreya y’Epfo, Ubuyapani…].Leta Zunze Ubumwe za Amerika nta n ziri bugire atari gusambura buhere Koreya ya Ruguru”.

Trump akaba yahamagariye ibihugu vyose kw’isi gukumira Koreya ya Ruguru kugira ibone ko ingendo yaco yo guhingura ibigwanisho ruhonyanganda atari vyiza. Ibihugu vy’Uburusiya n’Ubushinwa vyovyo bibona ko ikibazo ca Koreya ya Ruguru kiri hagati ya USA na Koreya ya Ruguru, maze ivyo bihugu bigashira imbere ibiganiro mu gukemura ico kibazo kiraje ishinga isi yose.