Ubumwe Bwa Buraya Buriyamiriza Ubwicanyi Bwahitanye Abarundi 39 I Kamamyola.

0

Intumwa z’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya muri Republika iharanira demokrasi ya Kongo basohoye itangazo bavuga ku vyerekeye ubwicanyi butagira izina buheruka kubera mu ntara ya Kongo ariyo Sud Kivu, mu gace ka kamamyola.

Mw’itanagazo Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryasohoye hamwe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, ayo mashirahamwe mpuzamakungu ariyamiriza yivuye inyuma ubwicanyi buheruka guhitana impunzi z’abarundi 39 mu karere ka kamamyola mu gihugu ca Republika iharanira Dwemokrasi ya kongo ku wa 15 Nyakanga 2017, hariko n’abandi barenga ijana bakomeretse.

Mw’iryo tangazo rya UE, abasoda ba Kongo ntibakwiye gukoresha inguvu mu buryo butabereye, ariko bakwiye kwubahiriza amategeko mpuzamakungu. Ubumwe bwa Buraya hamwe n’Ibindi bihugu biri muri ONU birifadikanya mu mubabaro n’abo babuze ababo abandi nabo barakomereka.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rimenyesha ko abaguye mw’ubwo bwivcanyi bari abarundi barondera ubuhungiro bivuye ku mudugararo mu vya politike no mu butunzi bri mu gihugu c’Uburundi. Ishirahammwe ry’ubumwe bwa Buraya rivuga ko amatohoza akwiye kuba hama abagiriwe n’ako kabi kabishe bagakurikiranwa bagahanwa.