Intwazangabo igira gatanu y’Uburundi yirukanwe muri Centrafrika

0

Lieutenant-colonel Alfred Mayuyu, intwazangabo yo mu gisirikare c’Uburundi yirukanwe mu gihugu ca Centrafrika aho yari yarungitswe mu butumwa bw’uguhagararira amahoro. Uwo musirikare yagirijwe ko afise uruhara mw’ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi mu myiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA, hamwe n’ukuba yoba afise uruhara mu bwicanyi ndengerabutungane bwabaye inyuma y’ibitero vyakozwe ku makambi ku magenekerezo ya 11 na 12 Kigarama 2015.

Mw’isekeza ryakozwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yiyamirije ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA, abo muri ayo mashirahamwe bashize ahabona ivyagirizwa Lieutenant-Colonel Alfred MAYUYU ko yanyuruje intwazangabo Hermès Nduwingoma, mu nyuma iyo ntwazangabo ikaba yatowe ikiziga mu Nyakabiga, mu kwezi kwa Kigarama 2015.

Lieutenant-Colonel Alfred MAYUYU yagirizwa kandi ko yagize uruhara mu gitero cakozwe ku modoka yari ivuye ku Mpanda, ku maziko y’umusore yari yishwe n’amasasu y’abaporisi kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu 2015. Kuri uwo munsi, amatohoza y’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yavuze ko abantu baharurwa muri 11 bishwe abandi baranyuruzwa, n’ubu bamwe muribo bakaba batarabonerwa irengero, abandi nabo bakaba bapfungiwe mu mabohero atandukanye. Ayo matohoza yerekanye ko imodoka y’akazi ya Lieutenant-Colonel Alfred MAYUYU ifise iparati ndangamuduga nomero FDN 007 yari muri ico kibanza ciciwemwo urwo rwaruka, i Burunga, muri Komine Mpanda.



Ku bijanye n’ico gitero cabaye, mu giporisi c’Uburundi barahakanye ko ataribo barashe abo bantu, ahubwo ko aribo buguruye umuriro ku bajejwe umutekano mu gihe bari babahagaritse, bakagiriza abo bari bavuye ku Mpanda ko bari bafise ibirwanisho. Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE yasiguye ko muri iyo mishamirano, umuntu umwe gusa ariwe yapfuye, abandi 12 bafatishwa amaboko.

Intwazangabo Lieutenant-Colonel Alfred MAYUYU yari imaze amezi abiri irungitswe mu butumwa bw’ukugarukana amahoro muri Centrafrika, ariko akaba yafatiwe ingingo y’ukugarukanwa mu Burundi.

Mu gisirikare c’Uburundi bamenyesha ko ivyo yagirizwa ari ibinyoma, bakavuga ko ata cegeranyo na kimwe casohotse cerekana ku mugaragaro ko ivyo vyaha vyose yabikoze, ahubwo muri ico gisirikare bakavuga hakwiye gukorwa amatohoza y’ukumenya igituma hari umurwi w’ubwoko bumwe ubandanya kwirukanwa mu butumwa bw’ukugarukana amahoro.

Abegereye ubutegetsi bw’i Bujumbura bakamenyesha ko yoba ari uruhigi rw’ukubuza intwazangabo zo mu bwoko bw’abahutu, ko zosubira kurungikwa kugarukana amahoro mu makungu.

Tubamenyeshe ko Lieutenant-Colonel Alfred MAYUYU abaye intwazangabo y’Uburundi igira gatanu yirukanwe mu butumwa bw’ukugarukana amahoro. N’umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, Colonel Gaspard BARATUZA yagarukiye muri Ouganda, mu gihe yari yagenwe kuba umuvugizi wa MINUSCA, ingabo ziriko zigarukana amahoro muri Centrafrique. Colonel Gaspard BARATUZA yagirijwe ko yatanze ibiharuro bitarivyo hamwe n’amakuru atariyo, umunsi haba ibitero ku makambi ane y’igisirikare c’Uburundi, ku magenekerezo ya 11 na 12 Kigarama 2015. 

</p>
<div class=