Human Right Watch yasavye amatohoza kuvyashikiye umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA

0

Inyuma y’ukwezi guheze atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA, ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu (Human Right Watch) rimenyesha ko ritewe impungenge n’ukubona gushika ubu umuryango w’uwo mumenyeshamakuru utazi aho ari. Ishirahamwe HRW risaba ko inzego zijejwe amatohoza mu Burundi ryotanga umuco w’aho uwo mumenyeshamakuru w’ikinyamakuru IWACU yoba ari.

Mw’itangazo ryasohotse kuri uwu wa kabiri, ishirahamwe Human Right Watch risaba ko hokorwa amatohoza yigenga, kugira ukuri kwifatwa n’inyuruzwa ry’uwo mumenyeshamakuru kuje ahabona.

Tubamenyeshe ko ikinyamakuru IWACU catanguye kuri uwu wa mbere ikigandaro c’indwi yose, ivyo bakaba babitanguye kuri uwu wa mbere nyene, umunsi ukwezi kwose gukwira atawuzi irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA.

jean

Jean BIGIRIMANA, umumenyeshamakuru yahora akorera insamirizi REMA FM, akaba yari asigaye akorera ikinyamakuru IWACU, yahagaritswe ku muhingamo wo kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2016.

Uwo mumenyeshamakuru yavuye muhira nk’igihe c’isaha umunani agiye i Bugarama mu ntara ya Muramvya, mu nyuma nk’igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba, umuryango wiwe ukaba wahamagawe kuri terefone n’umuntu utamenye, uwo muntu abwira Godeberte Hakizimana, umupfasoni wa Jean BIGIRIMANA, ko yatawe muri yompi, ariko ntibamenya ikibanza apfungiwemwo, hamwe n’ico yafatiwe.

Mu gihe agifatwa vyavugwa ko yoba yafashwe n’abakozi b’igendereza, mbere bikavugwa ko apfungiwe mw’igendereza mu ntara ya Muramvya, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi yarabihakanye. OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko uwo mumenyeshamakuru atahagaritswe n’inzego zijejwe umutekano. Uwo avugira igiporisi c’Uburundi yasavye ahubwo umuryango wiwe ko wokorana n’igiporisi mu matohoza.

N’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu wavuze ko gushika ubu utarashobora gutora irengero ry’umumenyeshamakuru Jean BIGIRIMANA, muri uwo murwi bagasaba ko igiporisi corushirizaho kurondera irengero ry’uwo mumenyeshamakuru mu gukomeza amatohoza.