Christopher Ntakibarizwa muri Kina Music

0

Umuririmvyi wo mu gihugu kibanyi c’urwanda Muneza Christopher wari usanzwe ahagarariwe n’inzu ya Kina music mu bikorwa vyiwe vy’umuziki, ari nawo watumye uyo muririmvyi amenyekana , kuva ubu yamaze gutandukana nawo
christopher na clement
Nkuko amakuru ikinyamakuru cacu ubmnews gikesha abamenyeshamakuru ba inyarwanda.com bo mu gihugu c’urwanda avuga ko nyuma yaho umuyobozi wa kina music Ishimwe Clement yicaye arikumwe nabari muri uyo mugwi hamwe n’umuririmvyi chriostopher ngo bemeranije ko kuva ubu uyo muririmvyi atakibarizwa mu mugwi Kina Music,clement akaba yavuze ati:
”Nyuma y’ibiganiro hagati y’ubuyobozi bwa Kina Music na Christopher birebana n’ahazazahe muri Kina Music, impande zombi zumvikanye guhagarika amasezerano zari zifitanye. Kuva ubu inyungu z’umuhanzi Christopher ntizigihagarariwe na Kina Music. Kina music na Christopher baboneyeho gushima mwemwese mwagize urahare mw’iterambere rye. Murakoze”

Ibi bikaba bibaye nyuma yaho uyu musore ananiriwe gutahukana ihiganwa rya Primus Guma Guma,ihiganwa ryatahukanye umugwi Urban Boys