Impanuka y’umuriro yiyadukije ku biro bikuru vya gisirikare

0

Impanuka y’umuriro yadutse mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere ku biro vy’ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi n’ibiro bikuru vy’igisirikare c’Uburundi. Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko uwo muriro ata vyinshi wononye, ukaba watanguriye ahakorera uwujejwe ubuhinga bw’ugutumatumanako amakuru.

Nk’uko vyashikirijwe na Colonel Gaspard BARATUZA, iyo mpanuka ishobora kuba yatewe n’intsinda z’ishirahamwe REGIDESO ritanga umuyagankuba zoba zishaje.

batar

Uwo muriro waturiye imashine nyabwonko zitanga umuhora wa Internet, ariko abaporisi bajejwe kuzimya umucanwa kababa baranyarutse kuzimya.