Amashirahamwe cumi aharanira agateka ka zina muntu yahagaritswe

0

Ubutegetsi bw’i Bujumbura bwafashe ingingo y’uguhagarika ibikorwa vy’amashirahamwe cumi aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi. Muri iyo ngingo y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, amashirahamwe atanu ya mbere yahagaritswe burundu, ayo nayo akaba ari : APRODH : « Association Burundaise pour la Protection des Droits Humains et des personnes détenues », ya Petero Karaveri MBONIMPA.

FORSC : “Forum pour le Renforcement de la Société Civile” ya Vital NSHIMIRIMANA

FOCODE : « Forum pour la Conscience et le Développement », irongowe na Pacifique NININAHAZWE

ACAT : « Action Chrétienne contre l’Abolition de la Torture », irongowe n’umushingwamanza Armel NIYONGERE ari mu bashingwamanza baheruka kwitura sentare mpuzamakungu mpanavyaha, kw’izina ry’imiryango ivuga ko yagandaguriwe abayo, mu bwicanyi ndengerabutungane

RCP : “Réseau des Citoyens Probes”

de2

Kuri uwu wa mbere naho, amashirahamwe yandi atanu nayo yahagaritswe vy’agateganyo, ayo nayo akaba ari :

COSOME : Coalition de la Societe Civile pour le Monitoring des Electorale

CB – CPI : Coalition Burundaise pour la CPI

UBJ : Union Burundaise des Journalistes (Urunani rw’abamenyeshamakuru mu Burundi)

Ligue ITEKA

SOS TORTURE BURUNDI

de1

cos