UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Imipaka Uburundi buhana n’urwanda ikwiye kwugururwa-Aloys Baricako

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Aloys Baricako arongoye umugambwe RANAC atera akamo Leta y’uburundi kunagura imigenderanire n’amakungu kugira amafranga mvamakungu asubire kuboneka ivyoheza bigafasha ihinguriro Brarudi gusubira gukora.Leta kandi yarikwiye kwugurura imipaka uburundi buhana n’igihugu c’urwanda mu kworohereza urudandazwa ndengambibe,kubwiwe Kongo n’urwanda bapfa vyinshi ariko imipaka yabo ntirugarwa kubera babona ko ivyopfa vyoba vyinshi cane.ibi yabishikirije kuri radiyo Bonesha FM inyuma y’ikena ry’ibinyobwa vya Brarudi.


Aloys Baricako agira amenyesha ko ibinyobwa vya Brarudi ubu vyigwijeko 2 naho nyene iyo bibonetse. agira ati:«Aho usanga icupa ryahora rigurwa ibihumbi 3 ubu rigurwa ibihumbi 9 ugasanga rero ntanibihari.ubu umurundi anywa ivyo aronse ntawucinenaguza.izo nzoga za Brarudi n’igiki gituma zitaboneka?Brarudi kugira ikore ibikoresho vyinshi ibigura mu mafranga mvamakungu uca wumva rero ko hari ikibazo.ikibazo c’amafranga mvamakungu catanguye gukomera cane mu misi yagiye ikwirikira ikiringo ca 3 c’umuhisi petero Nkurunziza.n’umwami yaratiye urushinge,ngo nta mfashanyo dushaka nkaho umengo umugenzi aguterereye ufise urubanza ntuba ucigenga mu rugo iwawe; hari imvugo rero zagiye ziba zikwiye guhiduka.»

Uwo arongoye umugambwe RANAC abona ko urubibe rw’uburundi n’urwanda rwari rukwiye kwugururwa.agira ati:« urubibe rw’uburundi n’urwanda rwari rukwiye kwugururwa.Erega izo mbibe zuguruwe ,amarundi n’amanyarwanda birashobora gukorana bikazamura ubutunzi bw’igihugu.Congo n’urwanda baguma batukana ariko imbibe zabo ziruguruye.kuberiki?baraziko hariho icopfa kinini.Leta rero ikwiye kunagura imiganderanire n’ibindi bihugu kugira amafranga mvamakungu asubire kuboneka ivyoheza bikazamura ishirahamwe Brarudi.»

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments