UBM News ads UBM News ads
Thursday, May 23, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umumenyeshamakuru ategerezwa kuvuga aho yakuye inkuru-Léocadie Ndacayisaba

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji mu vyo ajejwe harimwo kumenyesha amakuru Léocadie Ndacayisaba amenyesha ko ubu umumenyeshamakuru uzotegerezwa kuvuga aho yakuye inkuru imbere yuko iyo nkuru itanganzwa bitari uko iyo nkuru ntizovurwa.Léocadie amenyesha kandi bikigoye gukwirikirana ibimenyeshamakuru bikorera ku mbuga ngurukanabumenyi vy’ivyaduka bicafuza uburundi kuko bitazwi na ARCT hamwe na CNC.Ibi biri mw’itegeko rishasha rijanye no kumenyesha amakuru ryaraye ryemejwe n’inama nshingamateka.


Ejo ku musi wa mbere inama nshingamateka yarakoranye ejonku wa mbere igenekerezo rya 7 ndamukiza 2024 aho yariramutse yiga integuro y’ibwirizwa rigenga ukumenyesha amakuru mu Burundi risubirira iryahahora ryo muri 2018.

Muri iryo tegeko haragiyeho ihadabu rizohanishwa abamenyeshamakuru bakoze ivyaha bitobito mu ntumbero yo kujanwa muma bohero.iryo hadabu riri hagati y’ibihumbi 500-1.500.000 mu mafranga y’amarundi.

Hariho kandi ko umumenyeshamakuru ategerezwa kuvuga aho yakuye inkuru imbere yuko itanganzwa nkuko biri mu ngingo ya 59 agace ka 3.kuri iyi ngingo umushikiranganji Léocadie agira ati:«umumenyeshamakuru ategerezwa gutanga aho yakuye inkuru akaraba ko ikwije ibisabwa vyose bitari uko umuntu wese yoca aza akiyadukiza agatanga amakuru aturira hama igihugu kikaka.»

Umushikiranganjiyaragarutse kandi kubimenyeshamakuru bikorera kumihora ngurukanabumenyi aho usanga bitanga amakuru yo gucafuza igihugu.kuri ico kibazo umushikiranganji yavuze ko bikigoye gukwiriirana mwene abo bantu kuko batazwi n’urwego rujejwe gukwirikirana uko ibimenyeshamakuru bikora CNC hamwe na ARCT.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments