UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Evariste Ndayishimiye ntazi ubukene abarundi barimwo- Fréderic Bamvuginyumvira

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwurongoye urunani Cfor-Arusha Fréderic Bamvuginyumvira avuga ko umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye adatahura neza ubukene abarundi barimwo, we yibaza ko iyo amerewe neza abarundi bose baba bamerwe neza.Ibi abishikirije inyuma yaho ku musi mkuru w’abakozi n’akazi Evariste Ndayishimiye amenyeshereje ko umwimbu mu gihugu wabaye mwiza ushimishije.


Kumusi mukuru w’abakozi n’akazi wahimbarijwe mu ntara ya Kayanza kuri uyu wa 1 rusama kukibuga c’umupira w’amaguru Gatwaro,umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaramenyesheje ko abarundi bose ubu bafise ivyo bokora,umwimbu wiyongereye cane mbere ushimishije hamwe n’amahinguriro mato mato na Manini yiyongereye.
Kuri izo mvugo zose uwurongoye urunani Cfor-Arusha Fréderic Bamvuginyumvira aranegura izo mvugo.agira ati:«uwo tumbereza neza inyishu yoba umunyagihugu abaye mu gihugu c’uburundi azi ingene abayeho azi ku musu kumusi ingene bimugora kurara afunguye kugaburira abana.iyo avuga ngo amahinguriro ameze neza arateye imbere,iro hinguriro rikora ritagira umuyangankuba n’irihe?ko muri ino misi iyo umuyangankuba ucitse bahora bakoresha ibitoro akaba ata bitoro biriho!none uwo mwimbu wo mumahinguriro mato na Manini wova he?Evariste Ndayishimiye aritiranya ibintu kuko wewe iyo abonye ibintu vyuzuye iwe ica yibaza ko abarundi bose bamerewe neza.kuko aheruka kuvuga ko iwe ibigega vyuzuye bivuga ngo ntazi ibiciro uko bimeze mu masoko rero ivyo avuga n’ibihushane n’ibiri kurubuga,ntazi ubukene abarundi barimwo.»

Igihugu c’uburundi kiriko kiraca mu bihe biteye ubwoba cane kuko hambavu y’ibibazo vy’ibitoro,amafaranga y’agaciro,umuyagankuba,amazi,isukare hamwe n’ibinyobwa vya Brarudi,ubu hiyongeyeko n’ibiza biturutse kw’ihindagurika ry’ibihe ririko riratuma abanyagihugu bata izabo abandi bakahasiga ubuzima.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments