Igisirikare c’Uburundi cabuze iyindi ntwazangabo yarashwe

0

Umusirikare w’Uburundi wo kw’ipete rya capitaine, asanzwe yari umuganga ku bitaro vy’abasirikare mu Kamenge, Docteur Elie MUGABONUWUNDI, yishwe arashwe n’abantu bataramenyekana bamusanze muhira iwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, bamurasa amasasu atatu mu mutwe aca yitaba Imana.

dr Elie

Nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro ryo kuri uwu wa kane, niho abantu batatu bari bitwaje inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet basanga Capitaine-Docteur Elie MUGABONUWUNDI aho yari yicaranye n’abagenzi biwe muri karitiye ya Mirango ya 2 kw’ibarabara rya 15, bamurasa amasasu atatu mu mutwe.

Abo bitwaje inkoho baciye batera amagerenade abiri, ariko akaba ata kindi yononye, nk’uko bivugwa na Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.

Moise NKURUNZIZA amenyesha ko uwaronderwa ari uwo yishwe, Capitaine-Docteur Elie MUGABONUWUNDI, akavuga ko amatohoza yamaze gutangura, ariko ko ata muntu n’umwe arafatwa.

Capitaine, Docteur Elie MUGABONUWUNDI avuka muri komine Gisuru intara ya Ruyigi, yari yinjiye igisirikare c’Uburundi (FDN : Force de Défense Nationale) avuye mu murwi urwana wa FNL (Force Nationale de Libération).