Umukandida wa Sahwanya FRODBU yashizwe imbere mu matora yo muri uyu mwaka wa 2020, leonce Ngendakumana, yamenysheje ayo makuru ko umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD ata kintu kinini wamariye Abarundi.
Ngendakumana akavuga ko ico umugambwe CNDD-FDD wafashije gihambaye ari ‘ukwigisha Abarundi gusenga’, ata terambere riboneka uwo mugambwe washikanye ku Barundi.

Mugabo Leonce Ngendakumana aca agaruka akavuga ko leta itemerewe kwisuka mu bijanye n’amadini, abona ko ico gikorwa cari gikwiye guhebrerwa amashengero.
Ku bwivyo aca avuga ko naho Nomero imwe w’Ubruundi yafashe iya mbere mu bijanye no gutwara Abarundi mu bijanye no gusenga, abona ko ‘umukuru w’igihugu hamwe n’abarongoye leta ntibakwiye kwisuka mu bijanye n’amadini’.
Ngendakumana avuga ko ari nka hamwe FRODEBU Sahwanya yotsinda amatora hazobaho umwidegemvyo ku Burundi ‘gusenga aho bashaka, bagasenga aho bipfuza’.
Amashirahamawe nka OLUCOME yama amenyesha ko iyo umugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD, ukoze ibikorane bijanye no gusenga bitandukanye hurya no hino mu gihugu bitwara uburyo bwinshi cane mu butunzi bw’igihugu mu gihe Abarundi isinzi barembejwe na kigoyi.
Selon #SAHWANYA_FRODEBU, ce que le #CNDD_FDD a pu réaliser d’une manière satisfaisante au #Burundi, c’est prier. Ils ont appris aux burundais à prier. #KAJUGUJUGU pic.twitter.com/iyRvSOt4dY
— Ir. Egide MWEMERO (@Mwemero1) January 7, 2020





Recent Comments