UBM News ads

Umuvunjayi wakabiri warishwe kur’uyu wagatandatu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwo nawe akaba aruwitwa Jeremie Ngendakuriyo afise imyaka 58 akaba ava mu ntara ya Bururi. Nkuko abamwegereye babivuga, hari igihe c’isaha 12 zo kumugoroba muri zone Bwiza aho yaronderwa n’abantu batatu bari mu modoka y’ubwoko bwa TI Toyota.

Abo nabo bakaba bamubwira ko bafise amadolari 4500 bashaka guhindura mu marundi nawe ace abaha imiliyoni 13 050 000 z’amarundi. Abegereye uyo muvunjayi bakaba batasubiye kumubona amaze guhura nabo bantu batatu. Jeremie Ngendakuriyo akaba abaye umuvunjayi wakabiri yishwe mu mezi abiri mu gisagara ca Bujumbura.

Jeremie Ngendakuriyo akaba yatowe ku musi w’Imana ari ikiziga muri zone Gihosha muri quartier Gikungu. Igipolisi kikaba camenyesheje ko catanguye amatohoza kur’ubwo bwicanyi.

Mwomenya ko Ibanki nkuru y’igihugu BRB yabujeji gukora abavunjayi badafise ibiro bakoreramwo kandi batavunja kugiciro canshinzwe na BRB. Ariko ntivyoca bisigura igihano co gupfa cabo bavunjayi kuko amategeko ategekanya ibindi bihano, nkuko ababikurikiranira hafi babivuga.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments