Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’ikinyamakuru ciyitirira Journaliste Kavuyo candikwa ku rubuga rwa Twitter. Iryo koraniro kaminuza rikaba rizobera mu ntara ya Gitega yigazwe umugwa mukuru wa politike haraciye amezi arenga 7. Ariko abarongoye umugambwe CNDD-FDD bakaba ataco barabivugako canke ngo batange ubutumire.

Uwo mugambwe CNDD-FDD uri kubutegetsi kuva mu mwaka w’i 2005 ukaba utegekanije gutora uwuzowuserukira mu matora yo mu 2020, uwo nawe akaba ataramenyekana kuko Président Pierre Nkurunziza yamenyesheje ko atazosubira kwitoza ubugira kane, ingingo itarahinduka gushika ubu naho hari abavuga ko bishobora guhinduka.
Imigambwe ishika ine akaba ariyo imaze gutanga abazohiganirwa ikibanza c’Umukuru w’Igihugu ariyo FRODEBU, APDR, UPD na FROEDBU Nyakuri. Umukandida w’umugambwe CNDD-FDD akaba rero yitezwe cane n’abarundi n’abanyamahanga n’imigambwe bazohiganwa kuko uwuzotorwa ashobora kurongora igihugu canke akabisanya n’uyundi avuye muyundi mugambwe uzoba watsinze amatora yo mu 2020.





Recent Comments