Ibiganiro vya poritike vyari bitegekanijwe vyasivye

0

Ibiganiro vyari bitegekanijwe i Arusha muri Tanzaniya, hagati ya Reta y’Uburundi hamwe n’abatavuga rumwe nayo kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 2 Rusama 2016 vyungururijwe ku rindi rizomenyeshwa hanyuma.}

report

Amakuru ava ku bugereye umuhuza Benjamin William Mkapa amenyesha ko isango ry’ivyo biganiro ryahindutse kubera ibikenewe vyose bitarashikwako, mu bijanye n’imibonano kugira ivyo biganiro bisubire gutangura.

Irindi sango ry’ivyo biganiro rigashobora kuzotangwa mu ndwi igira gatatu y’ukwezi kwa Rusama.