Musaga : Abantu indwi bagandaguwe mu gitero c’abitwaje ibirwanisho

0

Abantu bane bitwaje ibirwanisho bateye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane nk’igihe c’isaha zine z’ijoro mu bunywero buri muri karitiye ya Gitaramuka, zone ya Musaga, mu gisagara ca Bujumbura. Abaharurwa mu ndwi mu bantu bari muri ubwo bunywero akaba aribo bahasize ubuzima.

gita

Muri abo bagandaguwe, harimwo umusirikare w’Uburundi, igisongerezi mu ngabo z’Uburundi (Sous-Officier).

Abandi muri abo ndwi bagandaguwe ni abagabo batatu, abana babiri, hamwe n’umugore n’umukobwa akiri muto.
Abateye muri ubwo bunywero bari abantu bane bitwaje ibirwanisho, bakaba barateye na gerenade ku kirindiro c’abasirikare kiri aho mu Gitaramuka, muri zone ya Musaga, nk’uko vyashikirijwe na Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.