Ibiganiro bihuza abarundi biza vyatanguye

0

Ibiganiro bihuza abarundi vyatanguye kuri uno wa mbere igenekerezo rya 28 Kigarama 2015,i Entebbe hafi y’umurwa mukuru w ‘Ubuganda Kampala.

imishyikirano

Ibirori vyo kwugurura ibiganiro vyitabwe n’impande zose zaronse ubutumire harimwo Reta y’Uburundi,umugambwe CNDD FDD,urunani CNARED,amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike.

Ku ruhande rwa Reta y’Uburundi,bagumye bamenyesha ko badashobora kuganira n’urunani CNARED kuko rutazwi n’amategeko kandi ruri inyuma y’abahungabanya umutekano.

Imishyikirano-1

Ku ruhande rwa CNARED,umuvugizi warwo Pancras Cimpaye yitavye ivyo biganiro nk’umuvugizi wa CNARED yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP ko ico basaba ubwa mbere ari uko ubwicanyi buhagarara kuko ata biganiro bishoboka mu gihe abantu bariko barapfa.

Imishyikirano-2

imishyikirano-3