Amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Politike yikuye murunani CNARED

0

Inyuma yaho amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Politike agiriye hamwe n’urunani CNARED kugira bakure kubutegetsi Petero Nkurunziza ndetse bakaza kugira na Reta y’iwabo aho mbere bamwe mubarongoye ayo mashirahamwe bari bahawe ibibanza munzego za CNARED ,ubu ibintu bisa naho vyahindutse kuko abasanzwe barongoye ayo mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Politike yamaze gusohora urwandiko amenyesha ko yakinjuye murunani CNARED.

Vital-Nshimirimana

Vital Nshimirimana umwe mubasanzwe barongoye ishirahamwe ridaharanira ivyicaro vya Politike mu Burundi nkuko yabishikirije, we yamenyesheje ko ayo mashirahamwe yikuye murunani CNARED ariko ko bazobandanya barwanya ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.

UBM News tubibutse ko nibiganiro biriko biraba uyu munsi vyo guhuza abarundi, ko abaserukira ayo mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Politike batabonetse.