Abantu barenga 50 bapfiriye mu mpanuka y’imodoka

0

Imiryango myinshi mu Burundi iri mu marira kuva ku mugoroba wo kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2016, inyuma y’isanganya y’imodoka yabereye mu ntara ya Bujumbura Rural, muri komine Isale, hafi y’ishure ritoya rya Benga. Abantu barenga 50 nibo bamaze kumenyekana ko bitavye Imana.

Mu gihe yari igeze muri zone Benga, imodoka yo mw’ishirahamwe ryunguruza abantu mu Burundi (OTRACO : Office des Transports en Commun) yagize isanganya, ihusha ibarabara, ica igwa mu manga y’imetero nk’amajana atatu, aho muri zone Benga, komine Isale.

otra

Iryo sanganya ryabereye ku birometero 12 (km) uvuye mu gisagara ca Bujumbura, aho naho akaba ari muri komine Isale, imwe mu makomine ari mu ntara ya Bujumbura benshi bita Rural.

Abategetsi muri komine Isale bavuga ko abamaze kumenyekana ko bitavye Imana barenga 50, ariko ico gitigiri kigashobora kwiyongera, kuko abapfuye hamwe abakomeretse bajanwe mu mavuriro n’ibitaro bitandukanye, yaba mu gisagara ca Bujumbura n’ahandi.