Haravugwa irindi hirikwa ry’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA

0

Hari amakuru avugwa mu gisagara ca Bujumbura y’irementanya ryoba ririko rirategugwa na bamwe mu ntwazangabo ziyoboka umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, kugira abasirikare b’intwazangabo boba badashigikiye ubutegetsi bafatwe batabwe muri yompi. Ayo makuru avuga ko izo ntwazangabo zizokwagirizwa ko ziriko zitegura uguhirika ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA.

Ayo makuru avuga ko abari kw’isonga mw’itegurwa ry’uwo mugambi ari Colonel Ignace SIBOMANA ajejwe igendereza mu gisirikare c’Uburundi, hamwe na Lieutenant General Prime NIYONGABO, umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare c’Uburundi.

pie

Mu makuru y’umutekano nyene, hari umusirikare w’uburundi yapfiriye mu biro vy’igendereza i Bujumbura. Adjudant NYONGERA Claude yahitanwe na gerenade, mu giporisi c’Uburundi bakavuga ko yiyahuye.

Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko umusirikare w’igisongerezi (Sous-Officier) azwi kw’izina rya Adjudant Claude NYONGERA yitavye Imana ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu, apfiriye ahakorera igendereza mu gisagara ca Bujumbura. Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwo musirikare yiyahuye akoresheje gerenade.

Adjudant NYONGERA Claude yari yafashwe mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu yagirizwa uguhungabanya umutekano w’igihugu. OP1 Pierre NKURIKIYE umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi arasigura uko vyagenze.

“Hari igihe c’isaha icenda n’iminota mirongo itatu aho umusirikare w’igisongerezi (Sous-Officier) yitwa Adjudant NYONGERA Claude asanzwe akora mu biro bikuru vy’igisirikare yiyahura akoresheje gerenade. Uwo musirikare yari yafashwe uno munsi mu gatondo, akaba yariko arabarizwa aha mu biro bikuru vy’igendereza ku vyaha bijanye n’uguhungabanya umutekano w’igihugu.”

adj

Mu gihe inyamiramabi (OPJ) zibiri zari zihejeje kumubaza, Adjudant NYONGERA Claude yateye umukono ku cegeranyo c’ivyo yabajijwe (procès verbal), aca ariyahura nk’uko vyemezwa na OP1 Pierre NKURIKIYE.

“Niho rero bahejeje kumubaza, yahenda umu OPJ yari ahejeje kumubaza, y’uko yomureka agasohoka hanze gato, ko hari ico yibagiye kubwira umu OPJ yari yabanje kumwumviriza ubwa mbere. Niho yaca ashika mu kindi cumba, aca atora gerenade muri arya magerenade baba bafatanye inkozi z’ikibi. Baca baramubona ko ayitoye, baragerageza kurwana nawe kugira bayimwake, ariko yaciye ayugurura. Bamaze kwumva ko igira iturike bahavuye baca biruka ica iraturika ihitana ubuzima bwiwe.”

Adjudant NYONGERA Claude yaba muri zone ya Buterere, mu komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, akaba yakorera mu biro bikuru vya gisirikare (Etat-Major).