Kuki Urwaruka rwose ubu bipfuza gukora akazi ko gufotora?

0

Urwaruka rwinshi muri kino gihe mu gihugu cacu c’uburundi bipfuza gukora akazi ko gufotora
hasta
Nkuko rero ikinyamakuru cacu ubmnews cashoboye gukora amatohoza casanze urwaruka rwinshi muri kino gihe bose bipfuza gukora umwuga wo gufotora aho benshi bakora uyo mwuga batazi akamaro kawo,

Mu kiganiro rero twashoboye kugirana na bamwe mu basanzwe bakora uyo mwuga aho twashoboye kubabaza igituma bakora uyo mwuga wo gufotora twasanze benshi bawufata nk’akazi aho hari nabandi bawufata nko kwinezereza,
Mubo twashoboye kuganira nabo hari abatubwiye ko bakora uyo mwuga wo gufotora kugira bashobore kwironkera abigeme kuko ngo muri uyo mwuga wo gufotora uhura n’abigeme benshi kandi ngo bikoroha cane ko woronka abigeme mukundana mu gihe hari abandi bawufata nk’akazi kabatunze, bamaze kwubaka amazu kubera uyo mwuga abandi nabo bakaba bamaze kugura imiduga kubera uyo umwuga
tyson-ndongozi
Tworangiza tubamenyesha ko vuba tuzobabwira abamaze gutera imbere kubera uyo mwuga