Gitega : Ukuri kubivugwa ko Général Cyrille NDAYIRUKIYE yanyurujwe !

0

Abanyagihugu begereye ibohero rikuru rya Gitega bavuga ko mu gatondo ko kuri uwu wa kane babonye Général Cyrille Ndayirukiye hanze y’ibohero, ari mu muduga w’igiporisi wari umutwaye mu kibanza batamenye. Abo banyagihugu baciye batangura guhanahana ayo makuru, mu ntumbero y’ukumutabariza, kuko bari biyumviriye ko anyurujwe.

Ubuyobozi bw’ibohero rikuru rya Gitega bwaciye bwihutira guhumuriza, bwemeza ko ari ivy’ukuri Général Cyrille Ndayirukiye yasohowe ibohero, iriko bamenyesha abamubonye ko yari ajanwe ku bitaro vy’i Gitega, aho yari agiye kuvurizwa.

mini

Général Cyrille Ndayirukiye afatwa ko ariwe agira kabiri, inyuma ya Général Godefroid NIYOMBARE, mu gutegura hamwe n’ugushira mu ngiro umugambi w’uguhirika ubutegetsi waburijwemwo kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

Général Cyrille Ndayirukiye yahoze ari umushikiranganji w’ukwivuna abansi yahanishijwe umunyororo w’ugupfungwa ubuzima bwiwe bwose.