Peace and Love washize ahabona amasanamu y’indirimbo Wombenga hamwe na Ndicuza

0

Umugwi Peace and LOve waraye ushize ahabona amasanamu y’indirimbo zabo zibiri,amasanamu y’indirimbo Wombenga hamwe n’indirimbo Ndicuza nkuko amakuru ikinyamakuru cacu ubmnews dukesha umuririmvyi Vivi ahurikiye muri uyo mugwi wa Peace and Love
wombega,ndicuza by peace and love
Nkuko amakuru dufise abivuga,avuga ko hari ku munsi w’ejo igenekerezo rya 4/8/2016 mu butambiro bwa Christal niho bashira ahabona ayo masanamu,amasanamu yakozwe n’abahinyanyuzi kent-p hamwe na The cherif Pro
Ivyo rero bikaba bibaye nyuma yaho umuririmvyi Bobo yarasanzwe aririmbana na Vivi muri uyo mugwi wa Peace and Love aherutse kwitaba Imana ahitanwe n’isanganya ry’umuduga

Tworangiza tubamenyesha ko ivyo birori vyo gushira ahabona ayo masanamu y’indirimbo zabo 2 vyari vyitabwe n’abanyecubahiro atari bake