Gihanga : Umuntu yagirizwa gutoza amafaranga y’abarwanyi yafashwe

0

Abantu babiri bo muri Komine Gihanga bahagaritswe n’igiporisi kiri kumwe n’abantu bambaye impuzu zisanzwe (Tenue Civile). Amakuru dukura aho muri komine ya Gihanga avuga ko umwe muri abo babiri bahagaritswe yagirizwa ko ariwe yoba atoza amafaranga ahabwa abarwanyi biyamiriza ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA.

Militaires FARDC avec un lance roquettes, Sud Kivu, 2006.
Militaires FARDC avec un lance roquettes, Sud Kivu, 2006.

Abo bantu bafashwe inyuma y’amasasu yaheruka kwumvikana aho nyene muri komine ya Gihanga, ariko mu giporisi bakaba bamenyesha ko ayo masasu yarashwe n’abasuma bitwaje ibirwanisho bariko bagerageza kwiba mu ngo ziri muri iyo komine.

Mu giporisi bavuga ariko ko abo basuma bateshejwe, bahungira mw’ishamba cimeza rya Rukoko, nk’uko bishikirizwa n’abajejwe umutekano muri komine Gihanga.