Gihanga : Abasirikare barasanye n’abantu bitwaje ibirwanisho

0

Abantu bitwaje ibirwanisho muri komine ya Gihanga, intara ya Bubanza, baguye ku bajejwe umutekano bariko barakizura mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu. Abo bitwaje ibirwanisho baciye bugurura umuriro, barasana n’abo basirikare b’Uburundi.

Amakuru dukura muri Komine ya Gihanga, ahabereye ukwo gutana mu mitwe, ayo masasu yumvikanye nk’iminota cumi n’itanu, akaba ata n’umwe yahasize ubuzima, canke akomereke, muri ukwo gutana mu mitwe kwabereye kw’ibarabara rya gatandatu, komine Gihanga, kw’ibarabara rija ku murwa mukuru w’iyo komine.

arib

Mu giporisi muri komine Gihanga bavuga ko abajejwe umutekano bagerageje gukurikirana abo bantu bitwaje ibirwanisho, ariko ko ata n’umwe muribo yafashwe.

Isaho irimwo amageranade ane yaratowe, umwambaro umwe w’igiporisi hamwe n’umwambaro umwe w’igisirikare iratorwa, nk’uko bimenyesha n’abajejwe umutekano muri Gihanga, intara ya Bubanza