Big Fizzo arashima uko yakiriwe mu gihugu ciwe

0

Umuririmvyi w’umurundi Big Fizzo arashimira cane abakunzi b’umuziki n’abarundi bose muri rusangi uko bamwakiriye mu gihugu ciwe c’amavukiro ubwo yaheruka ino kugira igiteramo yari yatumiwemwo i bujumbura
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa facebook,Big Fizzo akaba yamenyesheje ko ashima cane uko yakiriwe kandi ko yarakumbuye cane igihugu ciwe c’amavukiro,ko kari akaryo keza ko kubona umuryango wiwe n’inshuti ziwe
big fizzo
Tworangiza tubamenyesha ko Big Fizzo yashitse i bujumbura ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 14/5/2016 aca asubira mu gihugu c’urwanda ku munsi w’Imana igenekerezo rya 15/5/2016 nyuma yo gukora igiteramo cari camuzanye